Turkiya ishaka kworosha ibintu n'Uburusiya

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Turkiya ivuga ko itatumbereje Uburusiya mu kurasa indege yabwo

Umushikiranganji wa mbere wa Turkiya, Ahmet Davutoglu, yavuze ko azokorana n'Uburusiya kugira bahoshe uruhagarara nyuma y'iraswa ry'indege y'Uburusiya kuwa kabiri.

Bwana Davutoglu yavuze ko iraswa ry'iyo ndege atari igikorwa gitumbereje igihugu kinaka, ngo yari Turkiya iriko irarinda ubutaka bwayo.

Mw'ijambo yashikirije kare, umukuru w'igihugu w'u Burusiya, Vladimir Putin, yavuze ko bidasigutse gushaka kuvuga ko Turkiya itamenye ko iyo ndege yari iy'Uburusiya.

Bwana Putin kandi yavuze ko Uburusiya bwemeye gukorana vya hafi n'Ubufaransa hamwe na Amerika mu kurwanya Islamic State muri Syria.