Babiri bakekwa iterabwoba bafashwe muri Kenya

Image caption Umukuru w'igipolisi ca Kenya, Joseph Boinett, avuga ko abafashwe batanze amakuru y'aho bagomba gutera

Igipolisi i Nairobi cafashe abagabo babiri b'abanye Kenya bagirizwa iterabwoba, bakorana n'umugwi usuma urusaku w'abanye Irani.

Uwo mugwi ngo wariko urategura ibitero mu muji wa Nairobi.

Umukuru w'igipolisi ca Kenya, Joseph Boinett, yavuze ko abo bagabo bagize urugendo muri Irani inshuro nyinshi, hahabwa amahera, banabwirwa ibibanza bagomba kugabako ibitero.

Yavuze ko banasabwe kurondera abandi binjiza muri uwo mugwi harimwo n'abana b'abanyeshure.

Bwana Boinett kandi yavuze ko abo bafashwe bahaye igipolisi amakuru ngirakamaro yerekeye ibibanza bariko baritegurira gutera.