Abagore mu matora muri Arabia Saudite

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA

Abagore b'abanya Arabia Saudite yatanguye kwiyamamariza ubwa mbere guhiganirwa ikibanza mu butegetsi bwo mu nzego zo hasi.

Abagore baharurwa mu 900 bari mu biyamamaza kuja mu buyobozi bw'inzego zo hasi, umbwa mbere mu mateka y'ubwami bwa Arabia Saudite.

Buzoba bubaye ubwa mbere ndetse abakenyezi bemerewe kuja gutora abayobozi b'inzego za leta.

Mu ntumbero yo kubahiriza umugenzo wo kutaja hamwe hagati y'abagore n'abagabo, abitoza b'abagabo n'abagore ntibazosangira ibibanza bakoranyamwo abantu bababwira imigambi yabo.

Kandi kubera abagore batemerewe kwerekana mu maso iyo bari hanze, abagabo bahiganwa nabo ntibemerewe gutanga amafoto yabo mu kwiyamamaza.

Ku bagabo buzoba bubaye ubwa gatatu baja muri aya matora y'inzego zo hasi, yatangujwe kuva mu 2005.