Papa asaba Santarafirika guhinduka

Papa Francisco n'ubwa mbere agendeye igihugu kiri mu ntambara.

Yavuze ko yizeye ko amatora yo mu kwezi kuza muri Santarafirika azozana impinduka.

Abantu benshi bakirije Papa amashi n'indirimbo nyinshi igihe yashika kuramutsa abataye izabo mw'ikambi ku murwa mukuru Bangui.

Perezida w'infatakibanza wa Santarafirika Catherine Samba-Panza, yasavye imbabazi ku bwicanyi bwakozwe hagati y'abakirisu n'aba islamu, bwasinzikaje igihugu ciwe.

Isinzi ry'abantu batonze umurongo kuva ku kibuga c'indege kwakira papa, mu gihe imodokari z'imitamenwa zazunguruka zicungera umutekano.

Muri urwo rugendo rwiwe papa yateganya gusoma imisa akanagendera umusigiti ejo ku munsi wa mbere.