Papa muri Santarafirika

Image caption Cathedrale ya Bangui, umuji wakira Papa Francis

Santarafirika n'igihugu caranzwe n'idyane hagati y'abadasangiye ukwemera.

Bubaye ubwa mbere Papa agendera akarere karimwo intambara.

Uretese imisa asomera mu murwa mukuru Bangui, Papa ateganya kubonana n'indongozi z'aba Isilamu, agendere n'umusigiti.

Aba kiririsu n'aba Isilamu bo muri ico gihugu bavuga ko bafise icizere ko urwo rugendo rwa Papa rushobora gutuma bashobora kuganira, n'ibndyane zikagabanuka imbere y'amatora bimirije mu kwezi kuza.