EU mu biganiro na Turkiya ku kibazo c'abimukira

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Turkiya izosabwa gucungera imbibe no kwakira abirukanywe ku mugabane wa Bulaya

Ariko Donald Tusk yavuze ko bidakwiye kwizigira ivyova ku ruhande rw'igihugu ca Turkiya vyonyene gusa mu nzira yo kugabanya abitigiri vy'abimukira binjira i Bulaya.

Ngo ibihugu vya Bulaya bibwirizwa gushira inguvu mu gikorwa co gucungera imbibe zavyo.

Mu biteganijwe kwirwako muri iyo nama, Turkiya kizosabwa gukomeza kurarira imbibe zayo, no kwakira abimukira bazoba basubijwe inyuma bavanywe ku mugabane wa Bulaya.

Ku ruhande rwayo, Turkiya izohabwa miriyaridi zitatu z'ama euros, nk'infashanyo yo kugifata mu mugongo mu kwakira abimukira ndetse n'impunzi ziri indani muri Turkiya.

Abanyagihugu ba Turkiya nabo bazohabwa uburenganzira bwo kugendera ibihugu vya Bulaya ata mpusha (canke visa) barinze gusaba, hongere hasubire gutangura ibiganiro ku kibazo c'ukuraba nimba Turkiya yokwemererwa kuja muri iryo shirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya.