Turkiya yatoye ikiziga c'umupilote w'Uburusiya

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abarusiya bamanitse ivyapa bituka perezida Erdogan babaza ngo "abapolites bacu bari he?"

Uwo mu Pilote yarashwe n'abarwanya leta ya Syria, igihe yakoroka ava mu ndege yari atwaye. imaze kugemwa n' igisasu ca missile ya Turkiya.

Turkiya yiteguye gutanga ikiziga c'uwo mu Rusiya ku gihugu ciwe.

Uwundi mu pitote mugenziwe we yarashoboye kurokorwa.

Ikibazo c'iraswa ry'iyo ndege y'Uburusiya cateye icuka kibi gikomeye hagati ya Turkiya n'Uburusiya, ibihugu bishigikiye impande zitandukanye mu ntambara yo muri Syria.

Ku munsi wa gatanu, leta ya Moscow yatangaje ibihano vy' ubutunzi yafashe mu ntumbero yo kwihora.