Abarundi 6229 batawe muri yompi uyu mwaka

Umushikiranganji Alain Guillaume Bunyoni ivyo yabishikirije mu kiganiro yahaye abanyamakuru mu biro iwe.

Alain Guillaume Bunyoni amenyesha ko imwe mu ntumbero ubushikiranganji bwihaye muri uyu mwaka wa 2015 ari ukurwanya ubukozi bw'ikibi n'iterabwoba.

Ku bw'ivyo ngo muri uyu mwaka igipolisi cafashe inkoho 614, amasasu ibihumbi 31286, ama chargeurs 408, ama radiyo yo gutumatumanako y'abajejwe mutekano 23, imyambaro y'abajejwe umutekano irenga 350 n'ibindi bikoresho.

Uwufise ububasha kw’isanamu Burundi Police

Uretse ibirwanisho vyafashwe harafashwe abo yise abagizi ba nabi ibihumbi 6229.

Ibihumbi 4061 muri bo ama dossiers yabo amaze gushikanwa mu butungane.

Umushukiranganji w'umutekano avuga ko muri rusangi umutekano wifashe neza ku bice 90%.

N'ubwo biri uko ariko kubera ngo imyeyerekano ngo yahavuye ivamwo imigumuko ngo abapolisi 34 barishwe, abagera ku 293 nabo barakomereka, 8 muri bo bacika ibimuga.

Umutekano muke urakomeza kuvurwa mu gihugu mu gihe mw'ijoro ryakeye hari n'abantu bitwaje ibirwanisho bateye mu kirabo co mu Kibenga iri muri zone Kinindo mu gisagara ca Bujumbura.

Ico gitero cahitanye umusirikare w'igihugu, major Salvator Katihabwa, na nyene ako kabare arakomereka cane.

Ivyo vyakurikiye umutego wo kuwa gatandatu ku mukuru wa karere ka 5 ka gisirikare, Serge Kabanyura yarokotse, ariko abamucungera bagakomereka, aitwa ku Majombe a 30 km ya Bujumbura.