DRC:abantu 30 biciwe mu gitero ca Ituri

Ibitero vy'abitwaje ibirwanisho vyagabwe mu bibanza bitatu, birimwo ikambi y'igisirikare ya Kasana, n'ibitaro, ku km 60 n' umuji wa Beni.

Abasirikare ba leta ya Congo batanye mumitwe n'abo barwanyi bikekwa ko ari abo mu mutwe wa ADF uturuka muri Uganda.

Uwo murwi uregwa kuba warishe abantu baharurwa mu 500 mu myaka ibiri iheze.

Abenshi bicishijwe imipanga n'ama shoka mu bitero bigabwa mw'ijoro.