CAR:Papa yagendeye aba isilamu ba Bangui

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP

Igihugu ca Sentarafirika carasinzikajwe n'indyane hagati y'abakirisu n'aba isilamu.

Papa yagiye kuramutsa aba isilamu bari mu gace basa nk'aho biyugaraniyemwo kazwi kw'izina rya 'PK 5' mu muji wa Bangui.

Ako gace kazungurutswe n'imirwi y'abarwanyi b'abakirisu iterekwa aba isilamu.

Abenshi mu nkehewa z'aba isilamu bo muri uwo muji wa Bangui barahunze, imisigiti irasamburwa.

Inyuma yo kugendera uwo musigiti, Papa yahavuye aja mu kibuga yasomeyemwo imisa irangiza urugendo rwiwe muri Sentarafirika, aho yahamagariye abanyagihugu baho kubumbatira amahoro no kwihanganirana.