Abateye muri California bamenyekanye

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters

Igipolisi kivuga ko umugabo n'umugore -Syed Farook na Tashfeen Malik - nabo bahavuye bapfa mu gihe barasana n'abapolisi bariko barahunga n' imodoka.

Syed Farook yari asanzwe akora mu gisata co gufasha abantu mu bijanye n'amagara y'abantu mu kigo catewe, ikigo cari gisanganzwe catunganije umunsi mukuru.

Uwo mukozi bivurwa ko yari yavuye mu rubanza asa n'uwushavuye.

Igipolisi kivuga ko cahasanze ibintu biturika kandi ko bene gutera bari bafise inkoho zirekura amasasu menshi icarimwe, ndetse banambaye imyambaro nk'iyo igisirikare.

Perezida Obama yateye ivyatsi ico gitero, avuga ko ibitero bihitana abantu ikivunga bigirwa muri Leta zunze Ubumwe za Amerika, ata handi biboneka kw'isi.