Ingabo za Cameroon zabohoje abantu 900

Ingwate 900 Uwufise ububasha kw’isanamu Nigeria Army
Image caption Abantu 900 bari barafashwe bunyago

Nk'uko bitangazwa na Minisitiri w'ingabo wa Cameroon,Ingabo z'icyo gihugu zabohoje abantu 900 bari barafashwe bugwate n'umutwe wa Boko Haram.

Bwana Joseph Beti Assomo,avuga ko ingabo z'igihu cye ngo zishe abarwanyi ba Boko Haram 100 mu mpera z'ukwezi gushize.

Nta ruhande rudafite aho rubogamiye rurahamya ayo makuru kandi ntiharamenyekana neza aho iyo mirwano yabere ndetse n'aho abafashwe bunyago bo mu mutwe wa Boko Haram baba bafungiye.

Itangazo ryahise kuri Raido y'igihugu ejo kuwa gatatu rivugako hafashwe intwaro nyinshi n'amasasu ariko nta amakuru menshi iryo tangazo rivuga ku bantu bari barafashwe bugwate n'uwo mutwe.