Urubanza rwa Pistorius ruzosubirwamwo

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Oscar Pistorius yishe arashe umukunzi wiwe Reeva Steenkamp mu 2013

Umucamanza yashinze ko urubanza rwa Oscar Pistorius rusubizwa mw' iburanishwa.

Justice Leach yavuze ko hari amakosa yabaye mw'iburanisha rya mbere ry'urwo rubanza.

Uwo munonotsi Oscar Pistorius yishe arashe umukunzi wiwe Reeva Steenkamp mu kwezi kwa kabiri mu 2013.

Muri kino gihe Oscar Pistorius apfungishijwe icamaso, inyuma y'igihe c'umwaka yari amaze mu munyororo w'imyaka itanu yaciriwe.