Beguédo : ubutwari bw'abagore bashakanye n'abimukira

Muri Afrika yo mu burengero hari igisagara abagabo bamenyereye kujabuka bagiye kurondera akazi mu gihugu c’ubu Taliyano.

Abagore baraheza bagasigara bonyene imyaka n’imyaka. Igisagara ca Beguedo kiri muri Burkina Faso sico conyene.

Hari n’ibindi bisagara vyo muri Afrika aho mwenivyo bintu bishika, abagabo bakaja mu bihugu bibanyi canke i Buraya bizeye kuronka akazi gashobora kubahemba neza.

Imiryango iraheza ikabaho gute igihe abagabo n’abagore baba batandukanijwe n’ibihumbi vy’ibirometero?

Image caption Alimata yatangije ubucuruzi bw'amakara. Atekereza ko ari ngombwa gukora aho gucungura gusa ku mafaranga yohererezwa n'umugabo we.

Alimata Bara yama ariko aritwengera, atebura. Muri kino gihe biramusetsa iyo yibutse ingene yagize ivyago vyo guhinduka umugore w’umu “celibataire”. Afise imyaka 17 aho haraheze imyaka indwi, yubakanye n’umugabo w’umu Taliyano, bava hamwe ariko akora mu bu Taliyano.

“Twahuriye kw’isoko dutangura kuganira”, yiyibutsa. “Munyuma azanira abavyeyi ibiyoba vyo mu bwoko bwa kola. Mu misi icumi twari twubakanye.”

Mu banyagihugu baba mu mitumba, hari igihe vyafata amezi kugira ng’umuntu ashobore gutegura ubugeni. Umukwe yategerezwa gukora mu mirima y’abavyeyi b’umukobwa kugira ngo bashobore kumwizera, nawe yerekane kwashobora gutunga umuryango kandi kwashobora kuba umugabo mwiza mu rugo.

Muri kino gihe, aho kera umugabo yashobora kubana n’umugore ikiringo c’amezi, asigaye amarana n’umugore indwi canke imisi, vyitwa kwaje mu karuhuko yitegura gusubira i Buraya.

Kuva arongogwa, Alimata amaze kugumana n’umugabo wiwe amezi atandatu gusa. Afise umwana w’umukobwa Omayma w’imyaka itandatu. Umwana wabo wa kabiri w’umukubaganyi bise Obaidou, amaze gukubita ijisho se rimwe gusa.

I Beguedo, ku birometero 230 mu bumanuko bushira ubuseruko bw’umugwa mukuru Ouagadougou, abagore bamerewe nka Alimata ni benshi.

Nematou, aba hafi ya Alimata, arongowe na murumuna wa Saada, nawe nyene akora hanze.

Image caption Nematou nawe yashakanye n'umwimukira.

Nematou na Alimata bafise hafi imyaka imwe, basigaye ari abagenzi basangiye ingorane zo kwirerana abana, ivyo bikama biriko birabatwenza.

Igice c’abagore baba murico kigwati bamerewe co kimwe nkuko Beatrice Bara yahora arongoye igisagara abivuga.

Iyo n’ingaruka itavugwa ituruka ku bihumbi vy’abanyafrika b’abimukira baja i Buraya.

Iyo barongoye, abagabo bemerera abagore ko bazoza baragaruka kenshi kubaraba, canke bakaza kubatwara igihe bamaze kuronka ubuhungiro.

Bamwe barabikoze ariko hari imbere yuko haduka ingorane zijanye n’ubutunzi, n’imbere yuko u Buraya butangura kwugara imiryango.

Igihe Alimata arongogwa na Saada mu 2008, yibaza ko mu misi mikeyi azomusanga mu bu Taliyano. Agira ati“Yiyumvira kwazontwarayo, ariko baca bamukura mu kazi.”

Naho Saada yashoboye kwubakira Alimata inzu y’icumba kimwe mu rupango rw’abavyeyi, vyaranse ko ashobora kumurungikira amahera menshi ari mu bu Taliyano, ama CFA 25000 ni yo yonyene yamurungikiye naho nyene haheze amezi menshi.

Yaragize imana ntiyigera atungwa n’amahera ya Saada gusa. Yaruguruye ivyashara vyo gucuruza amakara, ahandi akagurisha bimwe mu vyo yimbuye.

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Amazu menshi y'i Beguedo yubatswe hakoreshejwe amafaranga yoherejwe n'abimukira. Uwo mujyi muto urimo amazu menshi akora nka banki anyuzwamo amafaranga.

Ku mabarabara amwamwe ya Beguedo, agasagara gato kari ku birometero 230 mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Ouagadougou, umurwa mukuru wa Burkina Faso, utururi twegeranye n’amazu manini manini.

Ayo mazu manini manini ni ay’aba Taliyano “ba kera” bagiye I Buraya imbere yuko hadukayo ikibazo c’ubutunzi, bakaba bararonse ingene biteza imbere kurusha aba Taliyano “bashasha” babakurikiye mu nyuma.

“Ibintu vyaragenda neza ku buryo kila kwezi yashobora kurungika muhira ama CFA 50000 (hafi £50), avyigana yicaye ku matela y’amabara imbere y’inzu iwe, ifise ibaraza, n’isahani ya satellite ya televiziyo. “Ariko ubu ibintu vyarahindutse”, nkuko avyigana.

Imisore yo muri Beguedo iguma yibaza kw’ibintu bicifashe neza kuberako abagarutse bakunze kwerekana ko bateye imbere ariko ntibavuge ingorane bahuye nazo.

“Abagiye hanze ntibashobore kuronka amahera bafatwa nk’ibicibwa kandi ntibagaruka kuba aho baba ku mitumba i iwabo”, nkuko vyiganwa n’umwigisha Mahamadou Zongo, umuhinga mu vy’imibano kuri kaminuza ya Ouagadougou.

“Baca baja ku mugwa mukuru aho ata muntu abazi.”

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Alimata na Nima ni abaramukazi. Baziranye kuri byinshi kubera ko bashakanye n'abimukira baba mu Butaliyani.

Iyo ndoto yo kuja mu bu Taliyano yaragize ingaruka ku bijanye n’indero I Beguedo.

Imisore yumva idashaka kwiga yibaza kwishobora kuronka amahera ningoga mu bu Taliyano, mu gihe inkumi nazo ziheba amashuli zikaja kurongogwa n’abo ba Taliyano.

Ariko Zongo avuga ko muri kino gihe abakobwa batanguye gutegera kw’ivyari i magera vyagerutse.

“Kuva ku musi w’ubugeni gushika igihe umugabo azosubira gukubitwa ijisho mu kigwati, harashobora guhera imyaka itanu, itandatu canke indwi,”nkuko avyigana. “Muri uwo mwanya, umugore abana n’abavyeyi b’umugabo.

Ategerezwa kububaha no kwemera ivyo bamutegetse.

Baba bariko baramugendereza, kandi bashobora kumwirukana igihe hoba harico bamurezeko.”

Ikindi nuko ushobora gusanga bakuzanyeko umugore wa kabiri nkuko Adiassa (si izina ryiwe ry’ukuri) w’imyaka 50 avyemeza.

Umugabo wiwe afise imyaka 30, yarabaye mu bu Taliyano imyaka 20, mu nyuma aranajana abahungu biwe babiri kubayo no gukorera yo.

“Mu ntango, ibintu vyari vyifashe neza. Yarashoboza kuja araza kenshi kandi akarungika amahera menshi,”nkuko avyibuka yegeranya igitambara gifutse umutwe.

“Ni vyo, ibintu vyari vyifashe neza”, yerekana ingene basomana.

Ariko, mu myaka itandatu iheze, umugabo wiwe yamumenyesheje kwariko aritegura kurongora umugore wa kabiri.

“Ntavyo nemeye. Nta mugore yokunda k’umugabo amuzanako umugore wa kabiri, ariko ntiyangishije inama.”

Abantu bo mu bwoko bw’aba Bissa baba i Beguedo no mu micungararo ya Burkina Faso ni aba Islamu.

Uguharika biremegwa n’imico yabo. Cabaye ikibazo gikomeye kuri Adiassa mu gihe umugabo noneho arongoye umugore akiri muto yongera aca amutwara hanze baribanira.

Kuv’ico gihe umugabo ntiyari akimurungikira amahera canke ngo amuhamagare. Ubu abana ni bo bamubeshejeho.

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Awa Sagne, w'imyaka 38, yabaye muri Gabon mbere gusubira i Beguedo. Arikorera kandi yihagazeho nubwo bwose umugabo we yamuzaniyeho undi mugore muto kuri we ho imyaka 20.

Awa Sagne nawe nyene vyagenze uko.

Mu myaka itatu irangiye, yifuza kwerekana ingene yagize amahirwe mu bu Taliyano, umugabo wiwe yarongoye umugore agira kabiri. Amaze imyaka myinshi abayeho nabi, Awa afise imyaka 38, abana mu nzu n’uwundi mugore aruta hafi imyaka 20.

Biroroshe gutegera ingene vyahungabanije agateka kiwe, iyo akwiganiye ingene igihe kimwe umugabo yamurungikiye amahera y’intica ntikize.

“Igihe kimwe yarandungikiye ama CFA 2500 (n’ukuvuga £2). Aya noyakoresha iki? Nararavye muri iyo bahasha, ntavyumva, nca nongera kuyimurungikira.”

Mu nyuma nca ndamuhamagara, ndamubwira nti: “Warakoze naho utakoze.””Nari gupfuma nkora nkironderera ayo mahera.”

Nkuko umengo yarazi ibizomushikira, Malika (si ryo zina ry’ukuri) ahejeje kugira ubugeni ku myaka 22, yaciye yuguruza compte muri banki inyuma y’imyaka itatu.

Igihe cose bishobotse, yama yaziganije amahera, naho yaba ari make.

“Ntushobora kubwira umugabo vyose. Kandi ntushobora kumwizera ijana kw’ijana,”nkuko abivuga.

Umugani wo mu bwoko bw’aba Bissa urasobanura neza ukwo yiyumvira: “

Iyo uryamye ku matela y’uwundi muntu, ushobora kuvyuka usanga uryamye kw’isima.”