Igitero cahitanye 12 i Cairo mu Misiri

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Resitora yatewe

Amakuru aturuka Cairo avuga ko igitigiri c'abahasize ubuzima gishobora kuba kigera kuri 18.

Igipolisi kivuga ko hakoreshejwe igisasu ca peterori catewe muri iyo nyubakwa, haduka umuriro.

Hari abavuga ko nyene gutera yoba ari umukozi yari yarakuwe muri iyo resitora iri ahitwa Agouza mu muji wa Cairo.