Igitero c'i California n'ico iterabwoba

america, california Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Obama avuga ko intambara y'iterabwoba atari iyo kurwanya aba Islam b'abanyamerika.

Prezida Obama yashikirije ijambo abanyamerika ku vyerekeye igitero cabaye mu ndwi iheze mu ntara ya California cahitanye abantu 14.

Prezida Obama yavuze ko ata bimenyetso bigaragaza ko ubwo bwicanyi bwakozwe n'umugwi uwo ari wo wose uri hanze y'igihugu ca Amerika.

Yavuze ashimitse cane ko cari igitero c'iterabwoba, ko rero bategerezwa guhangana na ryo, kandi ntikibe icitwazo c'uko intambara iri hagati ya Amerika n'aba Islam, ahubwo ari iyo kurwanya aba Islam bafise ivyiyumviro vy'iterabwoba.