FBI iratohoza ku giturire Blatter yagirizwa

sepp blatter Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Blatter arahakana ivyo yagirizwa ko yakiriye igiturire

Ikiganiro kidasanzwe ca BBC, gikora amatohoza, Panorama, carabonye ivyemeza ko umukuru wa FIFA aheruka guhagarikwa vy'agateganyo muri ayo mabanga, Sepp Blatter, ariko aragirwako amatohoza n'urwego rw'iperereza rwa Amerika, FBI.

Vyaramenyekanye ko ishirahamwe rijejwe amasoko y'inkino ryahaye amamilioni n'amamilioni abategetsi bakuru ba FIFA mu myaka yo mu mpera ya 1990, kugira abe ari bo bahabwa isoko ryo gutangaza inkino z'igikombe c'isi yose.

Uwari arongoye iryo shirahamwe rya FIFA imbere ya Blatter, Joao Havelange, ari mu bantu bagirizwa kwakira ico giturire.

Sepp Blatte, arahakana kugira uruhara muri ivyo bintu, ariko ico kiganiro ca Panorama carabonye ikete yashizweko umukono na Joao Havelange, avuga ko Blatter ari we azi neza ivyerekeye ivyo bintu.