Intsinzi y'abatavuga rumwe na reta muri venezuella

Venezuella opposition Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abatavuga rumwe na reta batsindiye ibibanza vyinshi mu nama nshingamateka

Umugambwe utavuga rumwe na reta mu gihugu ca Venezuella watsindiye ibibanza vyinshi vy'abashingamateka ku ncuro ya mbere kuva umugambwe w'abasocialiste ugiye ku butegetsi mu 1999 urongowe na Hugo Chavez ubu yitavye Imana.

Umukuru w'akanama kajejwe gutegura amatora, Tibisay Lucena, avuga ko abatavuga rumwe na reta batsindiye intebe 99 ku 167.

Umugamwe uri ku butegetsi w'abasocialiste wa prezida Nicholas Maduro waronse intebe 46

Induru z'umunezero zumvikanye mu ntara zirimwo abanywanyi benshi b'imigambwe itavuga rumwe na reta ku mugwa mukuru Caracas inyuma y'aho hatangarijwe ivyavuye mu matora.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Habaye imigumuko kuri bimwe mu buro vy'amatora, abatavuga rumwe na reta binubira ko hashobora kuba ubusuma.

Hari habaye imigumuko kuri bimwe mu biro vy'amatora, aho abatavuga rumwe na reta binubira kuba akanama kajejwe gutegura amatora kwongereje isaha imwe ku kiringo co gutora, batinya ko hoba ubusuma.

N'aho prezida Maduro ata kibanza na kimwe yariko aritozamwo, yemeye ko yatsinzwe, aca avuga ko ivyavuye muri ayo matora ari bibi cane.

Maduru yavuze ko uko gutsindwa kwaturutse ku ntambara y'ubutunzi y'imigambwe itavuga rumwe na reta, na reta arongoye.

"mu vy'ukuri turicishije bugufi kandi turemeye ivyavuye mu matora ya demokrasi mu gihugu ca Venezuela, ico nshobora kuvuga n'uko iyi ari intsinzi ku bantu bose ba Venezuela na demokrasi".

"uyu musi rero twarushijwe, ubu tugira dutangure kwubaka mu bumwe, kandi ni yo ntango." uko ni ko Maduro yavuze.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Jesus Torrealba yavuze " abantu bari banyotewe impinduka, bitavye amatora kandi ijwi ryabo ryumvikanye"

Umukuru w'urunani rw'imigambwe itavuga rumwe na reta, Henrique Caprilles, yanditse ku rubuga rwiwe rwa Twitter ngo:" ivyavuye muri aya matora twari tuvyiteze. Nta nkeka ko atakiza guhinduka".

Mugenziwe Jesus Torrealba yavuze ati:" abantu bo muri Venezuella bari bashashaye impinduka, bitavye ayo matora kandi ijwi ryabo ryumvikanye".