Amajambo ya Trump ateza umutekano muke

america Trump Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Amerika ivuga ko amajambo ya Trump yongereza inguvu za IS

Ibiro vy'umunyamabanga wa Amerika bijejwe umutekano biragabisha ko amajambo yashikirijwe na Donald Trump yo kurwanya aba Islam, ashobora kugeramira umutekano w'igihugu no kwongereza inguvu za IS

Uwo mugabo aza kw'isonga mu bashaka kwitoreza ikibanza c'umukuru w'igihugu mu mugambwe w'abarepublicain, yavuze ko aba Islam botegerejwe kubuzwa kwinjira muri Amerika, inyuma y'ibitero vyahitanye abantu batari bake mu ntara ya California.

Uwurongoye ivyo biro, Peter Cook, yavuze ko imvugo nk'iyo ishobora kwongereza inguvu za IS, afatiye kuvyo yo nyene ivuga.

Abantu benshi baragize ico babivugako hirya no hino kw'isi kuva aho abishikiririje.

Umunyamabanga ajejwe imigenderanire, John Kerry, na we yarifatanije n'abarwanya iyo mvugo inyuma y'umutaga, avuga ko ata co ifasha mu kurwanya IS.

Abarwanyi ba IS bariko baragirwako ibitero na Amerika mu bihugu vya Syria na Iraq.