Angela Merkel yatowe nk'umuntu w'umwaka

Uwufise ububasha kw’isanamu AFPTime

Minisitiri w'intebe w'Ubudage, Angela Merkel, yatoranyijwe nk'umuntu w'umwaka wa 2015 n'ikinyamakuru Time Magazine.

Ni umogore wa kane ugeze kuri uru rutonde wenyine kuva mu mwaka wa 1927.

Time yashimagije ubuyobozi bwa madamu Merkel ku bibazo nk'icy'impunzi n'izahara ry'ubukungu mu Burayi.

Umwanditsi mukuru wa Time, Nancy Gibbs, yanditse ko madamu Merkel yakoreye byinshi igihugu cye, abandi banyapolitike batapfa kugerageza.