Miliband ababajwe n'ibikorwa vya Boko Haram

david miliband
Image caption David Miliband

Uwahoze ari umushikiranganji w'imigenderanire y'Ubwongereza n'amakungu, David Miliband, yavuze ko ubwicanyi buriko burakorwa na Boko Haram, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria bwafashwe minenerwe n'amakungu.

Yavuze ko abategekanya ivyo korwa mu makungu hamwe n'abategetsi ba Nigeria ubwabo bategerezwa gukora uko bashoboye mu gufasha abasizwe iheruheru n'ubwo bwicanyi bwa Boko Haram.

Miliband yashikirije ivyo igihe yari mu rugendo mu karere ko mu buraruko bushira ubuseruko bw'ico gihugu.

Muri urwo rugendo, Miliband yabonanye n'abantu bataye izabo, harimwo abana bafise ingorane nyinshi, abandi bakaba ari abanye Nigeria vyabaye ngombwa ko bahunga inyuma y'aho birukaniwe hakoreshejwe inguvu n'igihugu ca Cameroun.

Miliband yerekanye amakenga kuco yise ukunyegezwa kwibibera mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria.

Bigereranywa ko abantu imilioni zitatu batakigira aho bakika umusaya, mu myaka itandatu abo barwanyi ba Boko Haram bakaba bamaze kwica abantu bashika ku bihumbi mirongo ibiri.

Miliband yavuze ivyo igihe yariko araganira n'umumenyeshamakuru wa BBC, Ishaq Khalid, yari yajanye na we muri urwo rugendo.