Umwiyahuzi wa 3 w'i Bataclan yamenyekanye

france terrorist Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Foued Mohamed-Aggad bizwi ko yari yagiye muri Syria mu mpera za 2013

Igipolisi c'Ubufaransa camenye akaranga k'uwutwaje iterabwoba wa gatatu yiturikirije I Bataclan mu gitero c'i Pari, nk'uko bimenyeshwa n'ibinyamakuru vyo ngaho mu Bufaransa.

Abantu mirongo icenda barishwe I Bataclan mu gitero co mu kwezi guheze.

Itororokanirizo ry'amakuru AFP n'ikinyamakuru le Parisien, bivuga ko ari uwitwa Fouad Mohamed-Aggad, w'imyaka 23, ava mu gisagara ca Strasbourg, bisubiramwo inkuru vyahawe n'igipolisi.

Bavuga ko yari yagiye muri Syria nk'umwe mu rwaruka rwamaze kunyegerwa n'inyigisho z'iterabwoba mu 2013.

Benshi muri uwo mugwi, uretse abateye I Bataclan, barahagaritswe bagishika mu Bufaransa, nk'uko bimenyeshwa na le Parisien.

Babiri bandi mu biturikije muri ico kibanza co kwidagaduriramwo n'umufaransa Omar Ismail Mostefai w'imyaka 29 na Samy Amimour w'imyaka 28.