Venezuela: Intsinzi y'abatavuga rumwe na reta

venezuela election Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abatavuga rumwe na reta bariko barigina intsinzi mu matora y'abashingamateka

Akanama kajejwe gutegura amatora muri Venezuela kemeje ko urunani rw'imigambwe itavuga rumwe na reta rwatahukanye intsinzi y'ibibanza 99 kw'ijana na mirongo itandatu n'indwi, mu matora y'abashingamateka yabaye mu mpera z'indwi iheze.

Iyo ntsinzi iha uburenganzira urwo runani inguvu zikwiye zo guhangana na prezida ava mu mugambwe w'abasocialiste, Nicholas Maduro.

Muri ubwo burenganzira, harimwo ubushobozi bwo kugena abacamanza ba sentare nkuru muri ico gihugu, mbere bikenewe, guhamagaza amatora yo kwemeza canke guhakana kugabanya ububasha bwa prezida Maduro.

Urwo runani rwa demokrasi mu gihugu ca Venezuela rwavuze ko, ivyo bashira imbere igihe bazoba batanguye akazi kabo ko gukorera abanyagihugu, n'ukurekuza abategetsi bose batavuga rumwe na reta bapfunzwe, no kugarukira ubutunzi bw'ico gihugu bugenda bugabanuka.

Iyo ntsinzi ku ruhande rw'abatavuga rumwe na reta, uje inyuma y'imyaka cumi n'indwi umugambwe w'abasocialiste wa prezida Hugo Chavez wari umaze uri wo wiganje.