Ibitero ku makambi mu gisagara ca Bujumbura

bujumbura violence Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Hamaze imisi haba itana mu mitwe hagati y'abajejwe umutekano n'abarwanya ikiringo ca gatatu ca prezida Piere Nkurunziza

Amakambi ya Base, Ngagara n'ishure ry'intwazangabo Iscam zose ziri mu gisagara ca bujumbura ni zo zatewe n'abantu bitwaje ibirwanisho bataramenyekana.

Kuva mu bucagucagu, humvikanye urwamo rw'amasase hirya no hino mu gisagara ca Bujumbura, ariko ntiharamenyekana ivyahononekariye.

Mu mabarabara, nta n'inyoni icaruka, abantu bose biyugaraniye ku mihana iwabo, nta mashure canke abakozi bagiye ku kazi, imodoka za gisirikare n'igipolisi ni zo zinyuragiranwa gusa.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu bimenyesha ko umukuru w'igihugu yakoranije inama nshikiranganji muri kino gitondo.

Inkuru ziva hirya no hino zitaremezwa n'ababijejwe, zivuga ko hoba hari abapfuye n'abakomeretse ku mpande zose.

Umuvugizi w'igisirikare c'Uburundi, Col Gaspard Baratuza, avuga ko aza kugira ico ashikirije hanyuma.