Abantu 12 bapfiriye mu bitero ku makambi ya gisirikare i Bujumbura

burundi violence Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Hama habaye itana mu mutwe hagati y'abajejwe umutekano n'abadashigikiye ikiringo ca gatatu ca prezida Pierre Nkurunziza

Amakambi ya Ngagara, Base n'ishure kaminuza ry'intwazangabo ISCAM ni yo yatewe mu mutwenzi n'abantu bataramenyekana.

Umuvugizi w'igisirikare c'Uburundi, Col Gaspard Baratuza avugira kuri radio y'igihugu RTNB, amenyesheje ko abateye 12 bitavye Imana, 20 barafatwa n'umwe yakomeretse, no mu gisirikare ngo hari batanu bakomerste.

Hari inkuru zivuga ko ikibuga c'indege ca Bujumbura cugaye, ko kuva mu gitondo ata ndege n'imwe irahagwa.

Uwurongoye ikibuga c'indege ca Bujumbura, Emmanuel Habimana arahakana izo nkuru, akavuga ko gusa kubera izo ntambara zabaye mu bucagucagu, amwe mu mashirahamwe y'indege yari kuza mu gitondo, yashimye kuba arabangiriye.