Igisirikare ca Nigeria cabohoje abantu barenga 200

nigeria soldiers Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abasirikare ba Nigeria

Igisirikare ca Nigeria kivuga ko cabohoje abantubarenga 200 bari bagizwe ingwati n'umugwi wa Boko Haram

Abajejwe umutekano bateye ikigwati kimwe kiri mu minwe y'uwo mugwi mu buraruko bushira ubuseruko bw'intara ya Yobe.

Abapfasoni abana n'abasaza bari muri abo bantu babohowe n'igisirikare ca Nigeria. Bari bafashwe n'abarwanyi ba Boko Haram bakuwe mu bigwati bitandukanye, bakaba bahora bakoreshwa nk'inkinzo.

Umuvugizi w'igisirikare yavuze ko abarwanyi batanu bishwe, hakaba hafashwe n'inkoho nyinshi. Abakuru mu gisirikare muri Nigeria bamaze imisi bagira ibitero kuri abo bagwanyi imbere y'uko itariki ntarengwa yatanzwe na prezida yo kuba Boko Haram iba itakivugwa mu gihugu igera.