Gambia cahindutse Repubika ya ki Islam

Prezida wa Gambia, Yahya Jammeh, yatangaje ko igihugu ciwe ciganjemwo aba Islam kibaye republika ya Islam, akavuga ko ari intambwe yo kuvavanura na kahise k’abakoloni.

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Prezida Yahya Jammeh amaze imyaka 21 ku butegetsi

Prezida Jammeh yavugiye kuri television y’igihugu ko ari gutangaza ivyo bijanye n’akaranga k’idini n’imico vy’igihugu ca Gambia.

Yongeyeko ko ata tegeko rigiyeho kandi ko n’abandi bayoboke b’ayandi madini barekuriwe gusenga atawubakomakomye.

Abanye Gambia barenga 90% ni aba islam.

Ubutunzi bw’ico gihugu cahoze gitwarwa n’abongereza bushimikiye ku ngenzi.

Imigenderanire n’abanyaburaya yagiye isubira inyuma kuva mu gihe gishize.

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya, EU, ryarahagaritse vy’agateganyo imfashanyo ryagenera ico gihugu mu mwaka uheze, kubera ukutubahiriza agateka ka zina muntu.

Prezida Jammeh amaze ku butegetsi imyaka 21.

Yakuye igihugu ciwe mw’ishirahamwe rya Commnwealth mu 2013, avuga ko iryo shirahamwe rigizwe nabahora bakolonije Afrika.

Mu 2007, yaratangaje ko yatoye icatsi kivura umugera wa Sida.