Inyuma yo kunyuruzwa, umuhungu wa Kadafi yarekuwe muri Libani

Hannibal Kadafi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Hannibal Kadafi mu 2010

Umwana w’umuhungu w’uwahoze arongoye igihugu ca Libiya, Muammar Kadafi, Hannibal, yarekuwe inyuma yo kugirwa ingwati n’umugwi w’abarwani, nk’uko inkuru ziva mu bajejwe umutekano zibimenyesha.

Ku masanamu yerekanywe ku mboneshakure yo muri Liban, uwo mugwizatunga yabonetse asaba kumenya inkuru ziramvuye ku kuzimangana k’umutegetsi wa Islam yari azwi cane mu bashia mu gihugu ca Liban, Musa al-Sadr.

Al-Sadr babuze irengero ryiwe mu 1978.

Yarigeze kuboneka ku masanamu afise ibikomere mu maso.

Yarekuriwe mu gisagara ca Baalbek aca ajanwa I Beirut, nk’uko igipolisi cabimenyesheje itororokanirizo ry’amakuru rya AP.

Hannibal, afise imyaka 40, yahawe ubuhungiro n’igihugu ca Oman mu 2012.

Se wiwe yavuye ku butegetsi yirukanywe n’abitwaje ibirwanisho mu 2011.

Al_Sadr, umwe mu bayobozi bakomeye w’aba shia mu kinjana ca 20, yaburiwe irengero ryiwe ari kumwe n’abandi bantu babiri, ari mu rugendo muri Libya mu mwaka 1978.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Uwahoze arongoye igihugu ca Libiya, Col Muammar Kadafi

Muammar Kadafi yararahiye ararengwa ko ata ruhara abifismwo, ariko benshi bakeka ko ari mu babikoze.

Vyaranateye n’icuka kibi hagati ya Liban na Libiya.

Ntibiramenyekana igihe Hannibal yari amaze muri Liban.

Yari yapfunzwe icamaso muhira iwe muri Oman co kimwe na mushiki we, Ayesha, hamwe na nyina wiwe Safiya.