Intambara yongeye gusutama muri Centrafrique

centrafrique Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Intambara yongeye kwaduka i Bangui, ku mugwa mukuru w'igihugu ca Centrafrique

Intambara yadutse ku mugwa mukuru I Bangui muri republika Centrafricaine.

Inkuru zivuga ko izo ntamabara zadutse mu bice vya Gobongo, mu gitondo ca kare, imbere y'uko abantu bava ku muhana ngo baje gutora.

Abantu batanu ni bo boba bamaze gukomereka, mu bitero vy'abantu badashaka ko haba ayo matora yo kwemeza chanke guhakana icifuzo co guhindura ibwirizwa shingiro ry'ico gihugu, kimaze imisi kiri mu ntambara.

Humvikanye kandi urwamo rw'ibisase ntezwantoke n'amasase muri ako gace ka Gogongo.

Gushika ubu hari reta mfata kibanza yagiyeho kuva prezida Francois Bozize yirukanywe ku butegetsi n'abarwanyi ba Seleka mu 2013.

Mapigano yamezuka katika mji mkuu wa Jamhuri ya Afrika ya Kati Bangui.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Presida Catherine Samba-Panza ahana ukuboko n'umushikiranganji wiwe wa mbere Mahamat Kamoun

Igikorwa co gutora cahuye n'ingorane nyinshi mu bice bitari bike, na canae cane kubera ikibazo c'umutekano.

Abitavye amatora bo mu karere ka Bosangoa bashwiragiye kubera urwamo rw'amasase.

Bosangoa ni ho uwahoze ari umukuru w'igihugu Francois Bozize avuka.

Bozize ntari ku rutonde rw'abazokwitoza mu matora y'imirije.

Akandi karere kashikiriwe n'izo ntambara ni Kaga-Bandono, kari mu buraruko bw'ico gihugu.

Muri ako karere, impapuro n'ibindi bikoresho vy'amatora vyaturiwe.