France: Umugambwe FN urashaka iyindi ntsinzi

france election Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ubutegetsi bwo mu turere ni bwo bufise ijambo rya nyuma kuvyerekeye kwunguruza abantu, indero n'ubutunzi

Ubufaransa buragira amatora y’uturere ubugira kabiri aho umugambwe wa Extreme droie, Front National uza kugerageza kurondera iyindi ntsinzi nk’iyo waronse mu ndwi iheze.

Marine Le Pen arongoye uwo mugambwe aza ubwa mbere mu turere 6 kuri 13.

Ariko ibiharuro vy’ababajijwe vyerekana ko umugambwe w’aba republicains urongowe na Nicolas Sarkozy, umaze kwongereza amajwi kuva amatora abaye.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Nicolas Sarkozy yahoze arongoye ubufaransa, umukuru w'umugambwe w'aba Republicains

Aba republicains batumye umugambwe uri ku butegetsi w’abasocialiste uja mu kibanza ca 3 mu matora ya mbere.

Abasocialistes barakuye ku rutonde abayoboke babo mu bice biboneka ko ata co bohanoba kugira umugambwe FN ntutsinde.

Ariko aba republicains baranse gukora nk’uko.

Ariko mu turere tumwe tumwe, vyitezwe ko amajwi aza kuva mu matora yo kuri uyu w’Imana aza kuba yegeranye cane, kandi aya matora ni nk’ayo kuraba igihagararo umugambwe wa FN ufise ubu muri politike y’Ubufaransa.