Refugees Internal: U Rwanda gufasha abatera Uburundi

Impunzi z'Abarundi mu nkambi y'agateganyo ya Nyanza
Image caption Refugees International ivuga ko impunzi zinjizwa mu migwi y'abarwanyi irungikwa mu Burundi

Abakozi b'abagiraneza bavuga ko batewe umwitwarariko n'Abarundi bahunze imvururu, bariko bararonderwa mu nkambi z'impunzi mu Rwanda ngo binjizwe mu barwanyi.

Ishirahamwe Refugees International, rivuga ko imigwi y'abarwanyi b'Abarundi yinjiza impunzi mu gisoda cayo, harimwo n'abana.

Iryo shirahamwe rivuga ko abanka kwinjira bategwa ubwaba ngo mbere bakanahohoterwa.

Rivuga kandi ko abajejwe intwaro mu Rwanda babirenzako uruho rw'amazi, mu gihe iyo mirwi irondera impunzi mu nkambi hagati, bakarungikwa kurwana mu Burundi.

Abarundi barenga ibihumbi mirongo indwi barahungiye mu Rwanda kuva hatanguye imyigaragamvyo mu kwezi kwa kane.