Umugambwe ANC ntiwakuye Prezida Jacob Zuma

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption ANC ivuga ko abakuru b'umugambwe batigeze baganira ivyo gusubiriza Jacob Zuma

Umugambwe uri ku butegetsi muri Afrika y'epfo, ANC, wahakanye amakuru y'uko wasavye kuva ku butegetsi umukuru w'igihugu Jacob Zuma.

Ibi ni nyuma y'aho bwana Zuma afashe ingingo yo kwisubirako, nyuma yo kugena umushikiranganji ajejwe ubutunzi atamenyereye ivy'ako kazi.

Umuvugizi wa ANC yavuze ko abakuru b'umugambwe batanigeze baganira ivyo kumusubiriza.

Ifaranga ryo muri ico gihugu, rand, ryatakaje agaciro bwana Zuma amaze kwirukana Nhlanhla Nene, azwi cane mu bikorwa vyo kuziganya, akamusimbuza David van Rooyen atazwi cane.

Nyuma y'iminsi ibiri, yarisubiyeko aca ahamagaza uwahoze ari umushikiranganji, Pravin Gordhan, ngo agaruke ku kazi.