Burundi: Amatohoza ku bajejwe umutekano bitwaye nabi mu bitero biheruka

Alain Nyamitwe
Image caption Alain Nyamitwe, Umushikiranganji w'imigenderanire y'Uburundi n'amakungu

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, Alain Nyamitwe, umushikiranganji w’imigenderanire n’amakungu, yavuze ko hagiye kuba amatohoza ku bajejwe umutekano boba barigenjeje nabi kugira bazobibazwe.

Yasavye kandi igihugu c'Urwanda guhagarika gufasha abatera Uburundi.

Alain Nyamitwe yavuze ko Uburundi bwamye bwerekana amakenga bufise ko Urwanda rufata mu mugongo abateza umutekano muke mu Burundi.

“Ivyo si agasesehwa rumuri, amarapport aratanguye gusohoka avuga neza ko hari impunzi zikoreshwa ibikorwa vya gisirikare, mu munsi iheze hari n' ibirwanisho vyafatanywe umuntu wenyene yiyemereye ko abikura mu Rwanda,” uko ni ko Alain Nyamitwe yavuze.

Yavuze kandi ko kubiraba abateye amakambi mu ndwi iheze, abafashwe ari bo bazovuga ababatumye.

Ivyo akaba yabishikiririje mu kiganiro cama kiba buri wa kane mu biro vy’umukuru w’igihugu, aho haza haratumirwa umwe umwe mu bashikiranji.