Burundi: Abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi barengutse ubwa 2

Cyrille Ndayirukiye
Image caption Gen Cyrille Ndayirukiye ari kumwe na bamwe mu bashaka gutembagaza ubutegetsi

Gen Cyrille Ndayirukiye n’abo basangiye icaha bavuga ko batashoboye kuronka ababunganira, abandi na bo ko batararonka umwanya wo gusoma dossier.

Abashingwamanza bahora bababuranira barahagaritswe muri ayo mabanga na sentare mu ntahe y’icese iheruka, ibagiriza gusiba ata mpamvu.

Abo bagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi bamenyeshije sentare ko bandikiye umugwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu, CNIDH, ko wobafasha kurondera abandi bababuranira.

Sentare yaciye imenyesha ko, mu ntahe y’icese izokurikira, baba baronse inyishu ya CNIDH canke batarayironka, urubanza ruzoca rubandanya.

Umwe muri bo ariko, Major Eric Ntahomvukiye, yagirizwa ko muri uko gushaka gutembagaza ubutegetsi yari ajejwe kwegeranya ingabo n’ibikoresho, yari yazanye uwumuburanira.

Na we nyene yasavye ko bomuha Dossier ngo kuko yumva ivyo bamwagiriza ata ho bihuriye ni vyo yasomye muri dossier afise.

Sentare yaciye ifata ko yanse kuburana.

Bitegekanijwe ko abandi 21 barenguka kuri uyu wa mbere no ku wa kabiri.

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Gen Godefroid Niyombare yari arongoye umugwi w'abasirikare washatse gutembagaza ubutegetsi

Abo bashatse gutembagaza ubutegetsi bagirizwa ivyaha vyo gutembagaza ubutegetsi, guhamagarira abanyagihugu gutembagaza ubutegetsi hakoreshejwe ibirwaanisho hamwe no kwica abasirikare, abapolisi n’abanyagihugu.