Air France: Babiri mubari muri iyo ndege bahagaritswe

kenya air france Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abari mu ndege Boeing 777 numero AF463

Abajejwe umutekano mu gihugu c’ubufaransa bahagaritse abantu babiri, umugabo n’umugore, bar mu ndege ya Air France, yaguye ubutararye mu gihugu ca Kenyak kuri uyu wa mbere, kubera kwikeka ikibombe iri mu kirere.

Inkuru zivuga ko abo bantu babiri amazina abo atarashirwa ahagaragara, bafashwe bagishika ku kibuga c’indege ca Charles de Gaule.

Frederic Gagey yabwiye abamenyeshamakuru I Paris koi c bibaza ko ari ibombe, rwari urubaho n’igisandugu c’impapuro gusa, mbere ata kuntu na kumwe cari gutera umutekano muke w’iyo ndege.

Iyo ndege y’Ubufaransa ya Boeing 777, numero AF463, ikorera hagati ya Ile Maurice na Paris, yaguye ikitaraganya yiketse ikintu kimeze nka bombe.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Air France

Bivugwa ko umuntu umwe yari mu ndege yasanze ico kintu mu kazu ka surwumwe, ubwo nyene iyo ndege ica itangura kwururuka ubutarariye.

Iyo ndege yaguye isaha zitandatu mw’ijoro ryo ku w’Imana, mu gihe abahinga bo gutegura bombe bavuye mu gisirikare ca Kenya baciye binjira kuraba ico kintu giteye umutekano muke.

Ubu ishami rijejwe iperereza ry’Ubufaransa, ryatanguye amatohoza yo kumenya icatomye haba ingorane nk’izo.