Chine: Abantu 91 baracari musi y'ivu

china landslike Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abajejwe gutabara mu bikorwa vyo kurondera abarokotse

Abashinzwe igikorwa co gutabara barenga ijana bariko bararondera abarokotse inyuma y’aho umusozi utembanye amagorofa 33 mu gisagara co mu bumanuko ca Shenzhen.

Abantu indwi bakuwe musi y’ivu, bafise ibikomere bito bito, ariko gushika ubu abashika 91 ntibaraboneka, nk’uko bivugwa n’abategetsi ba Shenzhen.

Abantu boba bashika ku 900 barakuwe muri ako karere kagwiriyemwo amahinguriro inyuma y’aho hababereye uko gusenyuka kw’imisozi kuri uyu w’Imana.

Ico gisagara ni kimwe muri binini vyo mu Bushinwa, kandi kirimwo amahinguriro menshi.

Kiri mu ntara yo mu bumanuko ya Guangdong, iri ku rubibe bihana na Hong Kong.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Amagorofa 33 ni yo yahitanywe n'iyo misozi yatemvye

Itororokanirizo ry’amakuru rya reta, Xinhua, rivuga ko iryo senyuka ry’imisozi ry’atumye umuringoti utwara gaz uturika.

Abakozi barafuruye imetero 400 z’ahari uwo muringoti, ubu bakaba bariko barawukora.

Ubushikiranganji bujejwe ubutaka n’amasoko ntanganguvu mu Bushinwa bwasohoye itangazo ku rubuga rwabwo rwa internet aho buvuga ko amatohoza yerekanye ko iyo misozi yahenutse igihe inyubakwa zabura ikizishigikira.

Abimuwe mu micungararo yahabereye iryo sanganya bavuga ko bumvise umurindi w’ivyondo.