Abajejwe umutekano mu Burundi baragirizwa ubwicanyi

burundi amnesty Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Reta ivuga ko abishwe ari abagize ibitero ku makambi ya gisirikare

Abajejwe umutekano mu Burundi barishe abantu barenga mirongo ibiri mu bwicanyi bwabaye ku mugwa mukuru I Bujumbura kuwa 11 ukwezi kwa cumi na kabiri, nk’uko bivugwa na Amnesty International

Kivuga ko ari igitigiri kinini c’abantu bapfuye ku musi umwe muri iki gihe Uburundi bumaze mu ngorane, aho abantu bicwa badashikanywe imbere y’ubutungane.

N’imiburiburi abantu 87 barishwe, harimwo abajejwe umutekano umunani.

Reta nta co iravuga kuri ico cegeranyo ca Amnesty International.

Ariko yashikirije hakiri kare inyuma y’ubwo bwicanyi ko abishwe bazize ibitero bagize ku makambi ya gisirikare.

Image caption Imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Prezida Nkurunziza yatanguye mu kwezi kwa kane

“ Ubwo bwicanyi bwabaye itariki 11 ukwezi kwa 12 bwerekana ko ibintu biriko birononekara gusumba, n’ingene abajejwe umutekano bahinduye uko bahora bakora,” bivugwa na Amnesty International

“Ariko uburyo babikoze, harimwo kwica abantu batagejejwe imbere y’ubutungane, gusahura bakuzako, ubusuma, gupfa guhagarika uwo babonye na cane cane mu bice bibamwo abashigikiye abatavuga rumwe na reta, nta ho bitandukaniye n’inyifato yahahora.”

Amnesty ivuga ko icegeranyo cabo bakigize mu kiringo c’indwi zibiri bamaze mu Burundi bazanywe no gutohoza.

Benshi muri abo bishwe kuwa 11 ukwezi kwa 12, n’ababa mu duce ahanini higanjemwo ubwoko bw’abatutsi, nk’uko babandanya babivuga.

“Bafatwa n’abategetsi nk’ahantu higanjemwo abashigikiye abatavuga rumwe na reta, kubera imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza yatanguriye muri ivyo bibanza.”

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Incuro nyinshi haragaragaye ibiziga mu mabarabara

Amnesty ivuga ko, kuva hatanguye imyiyerekano mu kwezi kwa kane, ababa mu gisagara ca Bujumbura, bamenyereye inkuru z’ibiziga bitorwa mu mabarabara.

“Ukwama abantu bapfa guhagarikwa no kunyuruzwa co kimwe n’ibiboneka nko kwakwa amafaranga ku nguvu n’abajejwe umutekano, vyaratumye ihonyangwa z’agateka ka zina muntu gusumba mu gihugu,” nk’uko Amnesty International ibivuga.

Mu gihe reta ihanganye n’ibibaz vy’umutekano, harimwo abatera inzego z’umutekano hakoreshejwe ibirwanisho, itegerezwa kubitorera inyishu idahutaje agateka ka zina muntu kandi yubahirije amategeko.