Abantu 10 baguye mw'isanganya ry'indege mu Buhinde

india air crash Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Iyo ndege yakorotse igonze uruhome mu ntara ya Dwarka

Indege yagize isanganya igihaguruka, mu micungararo y’ikibuga c’indege ca Delhi, mu Buhinde, ihitana abantu 10.

Iyo ndege itaremereye yakoresha n’abacungera imbibe bo mu Buhinde, yakorotse igonze uruhome mu ntara ya I Dwarka, ica yadukamwo urubeya.

Abategetsi bavuga ko iyo ndege yari itwaye abajejwe umutekano wo ku mbie bariko barakizura.

Uko umutekano wo mu kirere witabwaho mu Buhinde vyari bishimishije cane muri iyi myaka mike iheze, n’aho hiyongereye cane indege z’abikorera utwabo hamwe n’izitwara abantu hagati mu gihugu.

Isanganya rikomeye ryaheruka kuba mu gisagara ca Mangalore mu kwezi kwa gatanu 2010, rihitana abantu 160.

Iyo ndege y’imoteri zibiri yari mu nzira yerekeza Ranchi mu ntara yo mu buseruko bwa Jharkhand ivuye ku kibuga mpuzamakungu ca Delhi.