Boko Haram yatumye abana umuliyoni baheba ishure

nigeria boko haram Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Amashure menshi yarasambuwe n'abarwanyi ba Boko Haram

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abana, UNICEF, rivuga ko ibitero vy’abarwanyi ba Boko Haram mu gihugu ca Nigeria no mu bihugu bibanyi vyatumye abana umulioni bata ishure.

Mu cegeranyo gishasha, UNICEF, ivuga ko amashure amajana n’amajana yatewe, bariba ibirimwo yongera araturirwa, muri izoi ntambara zimaze imyaka itandatu.

Muri Nigeria gusa, abo barwanyi bamaze kwica abarimu bababa 600.

Mu gihugu kibanyi ca Cameroun, mi ishure rimwe mu mashure 100 zafunzwe imaze gusubira kugurura.

Onu ifise impungenge ko abo bana bashobora guheba ishure rwose muri ivyo bice.

N’aho prezida mushasha wa Nigeria, Muhammadu Buhari yatanze itegeko ku bakuru ba gisirikare guhagarika ibitero vya Boko Haram, uwo mugwi urabandanya kwica abantu, muri ako gace ko mu burengero bwa Afrika.

Image caption Abantu 17,000 baramaze kwicwa abandi imiliyoni 2 barata izabo

Gushika ubu, abantu 17,000baramaze kwicwa, mu gihe abashika imiliyoni 2 bataye izabo.

Amashure menshi mu buraruko bwa Nigeria, yahindutsemwo amakambi yabateshejwe izabo.

Kuri Boko haram, ngo amashure yubu ntakurikije amategeko, yagumye itera amashure kuko bafise ubwoba ko abana bize badakurikiza amategeko ya ki Islam.

Mu mwaka uheze, uwo mugwi waravuzwe cane mu makuru kw’isi yose, inyuma y’aho banyururije abana b’abigeme 200 mu kigwati ca Chibok. Gushika ubu, ntawuramenya amarengero y’abo bana.

Boko Haram ambayo ni tafsriri ya ''elimu ya kisasa ni haramu'' imekuwa ikilenga shule nchini Nigeria kwa hofu watoto walioelimika hawafuati masharti na kanuni za dini ya Kiislmu.

Mwaka uliopita kundi hilo liligonga vichwa vya habari kote duniani baada ya kuwateka nyara wanafunzi 200 wa kike katika mji wa Chibok.