Burundi: Urubanza rw'abagirizwa coup d'Etat

gen Godefroid Niyombare Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Gen Godefroid Niyombare yari arongoye abashaka gutembagaza ubutegetsi

Muri abo barengutse harimwo Gen Cyrille Ndayirukiye afatwa nk’icegera c’uwari arongoye umugwi washaka gutembagaza ubutegetsi mu kwezi kwa gatanu, Gen Godefroid Niyombare.

General Cyrille Ndayirukiye yavuze ko yemanga itangazo ryasomwe kwitariki ya 13 ukwezi kwa gatanu ariko yahakanye ivyo yagirizwa ko yishe abapolisi, abasirikare yongera ahamagarira abanyagihugu gufata ibigwanisho ngo basenyure inzego za leta.

Asaba ko imbere yuko sentare ibandanya ubutaha yotumako General Potien Gaciyubwenge yahoze ari umushikiranganji wo kwivuna abansi, General prime Niyongabo, umukuru w’ ibiro bikuru vya gisirikare na General Godefroid Niyombare.

Avuga ko yari umuhanuzi gusa kandi ivyo yakoze vyose bari babizi kanatsinda ngo umuhanuzi nta ngabo ategeka aba afise.

Image caption Gen Cyrille Ndayirukiye, umwe mubashatse gutembagaza ubutegetsi

General Cyrille Ndayirukiye na bagenzi be sentare yafashe ingingo yo kubaronsa abashingwamanza babunganira kuko batari bwaronke abashingwamanza kuva aho sentare yirukaniye abashingwamanza babo ibagiriza ko bashaka kudindiza urubanza.

Isango y’urubanza yindi ni ku wa mbere w'indwi iza itariki 28 decembre 2015

Bubaye ubwa kane, abagirizwa gushaka guhirika ubutegetsi barenguka imbere y'ubutungane.

Bose bagirizwa, gushira mu ngiro gushaka gutembagaza ubutegetsi, guhamagarira abanyagihugu gufata umuheto ngo barwanye reta, kwica abasirikare n’abapolisi hamwe n’abanyagihugu hamwe rero no gusambura no kwonona inyubakwa.