Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Abimukira ngo bafashwe nabi muri Israel

Igisata ca BBC gitangaza amakuru mu karere karimwo Thailand, caronse video yerekana uburyo abakozi bo mu burimyi baturuka muri Thailand bafashwe muri Israel.

Iyo video ije inyuma y'umwaka ishirahamwe Human Rights Watch rihamagariye leta ya Israel kugira ico ikoze kuri abo bimukira.

Abategetsi ba Israel bavuze ko badafata minenerwe uguhonyanga agateka k'abakozi b'abimukira kandi ko bagenzura buri gihe, kugira barabe ko ubuzima babayemwo bumeze neza.

Bavuze kandi ko bashizeho umurongo wo kwakira ibirego no kugira bakingire agateka k'abakozi.

Bemeza kandi ko bashize ho uburyo bwo kwakira ibirego vy'abo bimukira mu ntumbero yo gukingira uburenganzira bwabo.