Syria: Ibitero vy'indege vy'abarusiya vyishe abantu 200

rusia Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Indege ya gisirikare y'uburusiya

Nimiburiburi abacivile 200 bariciwe mu bitero vy’indege vy’abarusiya muri Syria, nk’uko biri mu cegeranyo ca Amnesty International,risubiramwo ivyabona n’abaharanira agateka ka zina muntu.

Kivuga ko iryo shirahamwe ryagize amatohoza ku bitero 25 vy’abarusiya mu bibanza bitanu, hagati yok u wa 30 ukwezi kw’icenda no kuwa 29 ukwezi kwa cumin a rimwe.

Ivyo babonye vyerekanye ko habaye ukutubahiriza amategeko mpuzamakungu.

Uburusiya bwagumye buhakana ko butica abacivile, buvuga ko inkuru nk’izo ari intambara mu zindi.

Uburusiya bwatanguye kugira ibitero n’indege kuri IS no ku yindi migwi kuwa 30 ukwezi kw’icenda, buvuga ko ari ukwishura akamo batewe na prezida wa Syria, Bashar al-Assad.