Somalia: Kirazira kwigina Noel

al shabab Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abarwanyi ba Al Shabab

Reta ya Somalia yafuse imisi mikuru yo guhimbaza umusi mukuru wa Noel ku mugwa mukuru wa Mogadishu.

Umuyobozi mukuru mu bushikiranganji buraba ivyo amadini, Sheikh Mohammed Khayrow, yagabishije ko imisi mikuru nk’iyo itajanye n’idini rya Islam, ishobora gutuma haba ibitero vy’iterabwoba vya Al Shabab.

“Abajejwe umutekano bose bategerezwa guhagarika canke kubuza amahuriro ayo ari yo yose, afise intumbero yo guhimbaza umusi mukuru wa Noel atajanye n’idini rya Islam,” ni ko Sheikh Mohamed yavuze.

Mu mwaka uheze, abarwanyi ba Al Shabab bareteye ikambi y’abasirikare b’Ubumwe bwa Afrika iri ku mugwa mukuru I Mogadishu, igihe abo basirikare bariko barigina umusi mukuru wa Noel.

Abasirikare batanu ni bo baciye bahasiga ubuzima.

Benshi mu benye Somalia ni aba Islam.