Espagne: umwimukira yatsindiye amahera menshi muri tombola

spain lottery Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Umwimukira azwi kw'izina rya Gagne yatsindiye ama euro ibihumbi 400 muri tombola yo muri Espagne

Umwimukira yamuka muri Senegal, yashitse I Buraya agiye n’ubwato, yatsindiye mahera angana n’ibihumbi 400 y’ama euro, muri tombora ya Noel yo mu gihugu ca Espagne.

Uwo mugabo azwi kw’izina rya Ngagne, yavuye muri Maroc aja muri Espagne mu 2007.

Abaguze amatike mu gisagara abamwo co kw’ibahari Roquetas de Mar batsindiye agashimwe ka mbere, n’imigabane y’ama euro imiliyoni 640, muri tombola ya “El Gorgo”, ikomeye cane.

Ngagne yabwiye ibinyamakuru vyo muri Espagne ko we n’umugore wiwe batahora baronka n’ama euro 5 yo kubamaza umusi.

Uwo mugabo w’imyaka 35 n’umugore wiwe barokowe mu bwato igihe bari mu rugendo baja Espagne, baca bajanwa mw’izinga rya Tenerife.

Ubu baba I Roquetas de Mar, igisagara kiri kw’ibahari mu bumanuko bwa Espagne.

Yabwiye ikinyamakuru “La Voz de Almeria” ko ashaka gushimira abanye Espagne na reta y’ico gihugu kuba baramurokoye igihe yagira atwarwe.