Kenya: Umuhari al-Shabab ukorana na IS

police chief in kenya
Image caption umukuru w'igipolisi ca Kenya Joseph Boinnet

Umukuru w’igipolisi, Joseph Boinnet, yavuze ko abarwanyi ba Al-Shabab bari inyuma y’igitero cagizwe ku modoka yunguruza abantu, bafitaniye ubucuti na Islamic State(IS).

Boinnet yavuze ko al-Shabab, umugwi witwaza idini rya Islam ufise icicaro muri Somalia, wiciyemwo ibice bibiri, umugwi umwe wagumye ucuditse na al-Qaeda, uwundi na we na IS.

Kuri uyu wa mbere, aba Islam barakingiye benewabo b’abakristu, igihe imodoka barimwo yategwa umutego mu micungararo y’urubibe kenya ihana na Somalia.

Mu kwezi kwa kane, abantu 148 barishwe mu gitero kimwe gusa cagizwe na al-shabab muri Kenya.

Inyifato y’abari muri iyo modoka bari bavuye ku mugwa mukuru Nairobi bagana Mandera, yarashimagijwe hose, aho umwe mubanyepolitike wo muri ako karere yavuze ko vyerekanye” urukundo bafitiye igihugu kandi ko bose bakeneraniye”.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abarwanyi ba al-Shabab

Umukuru w’igipolisi ariko arashikiriza ijambo ryo kurangiza umwaka, yasavye aba Kenya kurikanura kuko yababwiye ko hari abarwanyi boba bashika 100 bari mu turere two mu buraruko bushira ubuseruko bw’ico gihugu, nk’uko vyandikwa n’ikimenyeshamakuru co muri Kenya, The Standard.

“Amazu badandarizamwo, ayo kwinonoreramwo imitsi, aho bafungurira n’amashengero…ni ibibanza vyoroshe guterwa,” uko ni ko yabivuze.

Al-Shabab yamye ifitaniye ubucuti na al-Qaeda ariko mu kwezi kw’icumi, Sheikh Abdulgadir Mumi, yahoze yemewe cane muri uwo muhari akaba ari na we yinjiza abarwanyi bashasha, yamenyesheje ko agiye kwifatanya na IS.

Ntibiramenyekana igitiri c’abamukurikiye.

Boinnet abaye umutegetsi wa mbere wa Kenya agize ico avuga kuri uko kwicamwo ibice k’umuhari wa al-Shabab.