Narendra Modi Yagendeye Pakistani

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA

Rwari urugendo rwa mbere bwana Modi agiriye mu gihugu, kandi rwari n'urwa mbere rukozwe n'umushikiranganji wa mbere w'Ubuhinde mu myaka irenga 10.

Yaciye asubira mu Buhinde inyuma y'ibiganiro vy'amasaha abiri na Bwana Sharif ku rugo rwiwe hanze y'umuji wa Lahore.

Nta ruhande na rumwe rwasohoye itangazo ku vyerekeye ico baganiriye.

Ni intamwe yo kugerageza kuganira ku mahoro hagati y'ivyo bihugu bibanyi.

Bwana Modi, yagiye ku butegetsi mu mwaka uheze, akaba yaragerageje kuduza isura y'Ubuhinde mu makungu.

Ivyo bihugu vyompi bimaze kurwana gatatu kuva bironse intahe yo kwikukira mu 1947.

Zibiri muri izo ntambara Ubuhinde na Pakistani vyazirwanyebipfa akarere ka Kashmir.

Kashmir n'akarere kimwe kimwe cose muri ivyo bihugu kivuga ko ari rwako kose, aho bimaze imyaka 60 bigatatira.

Ivyo bihugu vyari vyashitse ku mwumvikano mu 2003, kandi n'ubu ayo masezerano aracariho, ariko impande zompi zikomeza kwagirizanya kuyarengako.