Abantu benshi bapfuye bazize gaz yaturitse

nnewi
Image caption Intara ya Nnewi

Abantu benshi bataramenyekana igitigiri bitavye Imana igihe imodoka yari itwaye gaz yaturika mu kibanza kirimwo ihinguriro ry’ayo mu bumanuko bushira uburengero bwa Nigeria.

Bivugwa ko iyo modoka yaturitse igihe yariko irapakurura gaz yo gutekesha mu gisagara ca Nnewi, mu ntara ya Anambra.

Hari inkuru zivuga ko hoba hapfuye abantu bari hagati ya 35 n’abarenga 100, harimwo abakozi b’iryo shirahamwe hamwe n’abaryegereye.

Igipolisi gikorera muri ako gace cemeje iyo nkuru, ariko nta kindi baramenyesha kirenze aho.

Umuriro mwinshi ni wo waciye waduka iyo gaz imaze guturika.

Abapfuye n’abakomeretse baciye bajanwa mu bitaro vya kaminuza yigisha ubuvuzi ya Nnamdi Azikiwe, I Nnewi hiuganje cane idini ry’abakristu.

Uwabibonye, Chukwuemerie Uduchukwu, yari muri ico kibanza, yabwiye BBC ko abantu bari bagiye kwuzuza amacupa ya gaz yo gutekesha imfungurwa za Noel.

Yavuze ko abari baje kugura n’abakoze bahiye ku buryo utari ukibamenya, kandi ko abonye ibiziga vy’abantu arenga 20 babisohora hanze, n’abandi benshi boba bakiri mu nzu.

Vyari ibintu bikomeye cane ku buryo n’inzu z’ababanti zashikiriwe.

“Inyuma y’amasaha atanu iyo gaz ituritswe, aho yabikwa hari hagisha,” Uduchukwu ni yavuze, “umuryango utabara imbabare Croix Rouge, n’abarwanya umuriro baracari muri ico kibanza.”

Umumenyeshamakuru wa Associated Press yaharuye ibiziga 100.