Ubutumwa bwa Noweri bw'umwamikazi

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty

Abongereza n'abo mu bindi bihugu vyo hanze bihurikiye muri Commonwealth, umwamikazi yabatangarije ko afise icizere ca kazoza.

Umwamikazi Elisabeth II yavuze ko naho isi yugarijwe n'ibihe vy'umwijima mu 2015 afise icizere ko ibihe biri imbere bizoba vyiza gusumba.

Mw'ijambo ryagarutse ku kibazo c'impunzi, umwamikazi Elisabeth yavuze ko n' ubwo Kristu yahunze agatotezwa, yakomeje kwigisha urukundo, ngo ntaho yashize imbere kwihora n' ubugizi bw anabi.

Umwamikazi yavuze ko arindiranye igishika umwaka musha aho azokwiza imyaka 90, aho yiteze umunezero mu kuyisangira n'abana bato umuryango wiwe wungutse.