Burundi: Ibiganiro vyatanguye

prezida Pierre Nkurunziza Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Prezida w'Uburundi Pierre Nkurunziza

Ibiganiro vyo gutrera inyishu indyane za politike zimaze imisi mu Burundi vyatanguye muri aka gatondo.

Imigwi 14, iserukira abarundi batandukanye ni yo yitavye ivyo biganiro.

Abitavye ivyo biganiro, uretse abaserukira ibihugu vyabo n’amashirahamwe mpuzamakungu, hari intumwa za reta y’Uburundi, abaserukira imigambwe itavuga rumwe na reta, umugambwe uri ku butegetsi wa CNDD-FDD hamwe n’abaserukira amadini n’amashirahamwe y’abapfasoni.

Mubaza gufata amajambo, harimwo Prezida Museveni hamwe n’umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Tanzania.

Umumenyeshamakuru wa BBC ari Kampala, amenyeshaka ko icatumye ivyo biganiro biteba gutangura gushika ubu, yari ingorane yo kubanza kwegeranya imigwi yose ibifisemwo uruhara, nk’uko yabibwiye n’umushikiranganji wa Uganda ajejwe kwivuna abansi, Crispus Kiyonga.

Crispus KiYonga yavuze ko bitari vyoroshe.

Inyuma y’uko ivyo biganiro bitanguye icese, bitegekanijwe ko bibandaniriza mu gisagara ca Arusha, mu gihugu ca Tanzania.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Intambara yadutse kuva hatanguye kwiyamirizwa ikiringo ca gatatu c'umukuru w'igihugu imaze guhitana abantu batenga 400

Haraciye ikiringo kirenga indwi, ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, akanama kajejwe amahoro n’umutekano, kemeje ko bagiye kurungika ingabo 5,000 zo gukinga ko haduka ihonyabwoko mu Burundi.

Igihugu ca Tanzania, gihaye indaro benshi mu barundi bahunze intureka zadutse kuva mu mpera z’ukwezi kwa kane, ni co camenyesheje ubwa mbere ko kidashigikiye iyo ngingo.

Umushikiranganji w’imigenderanire w’ico gihugu, Augustine Mahiga, yavuze ko ari ibiganiro vyonyene bishobora kumara ingorane uburundi burimwo, ko Atari ingabo mpuzamakungu.

Mahiga yaragize ingendo zo kubonana n’abafise uruhara muri ayo matatu yadutse, harimwo abatavuga rumwe na reta, Prezida Nkurunziza eka mbere na prezida Yoweri Museveni arongoye ivyo biganiro.

Kuri uyu wa gatandatu, hari hatunganijwe imyiyerekano ku migwa mikuru yose y’intara yo kwiyamiriza izo ngabo mva makungu.

Inama nshingamateka y’Uburundi n’inama nkuru y’umutekano barashikirije inyandiko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, babuga ko izo ngabo zidakenewe mu Burundi, bavuga ko igice kinini c'igihugu gitekanye.

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ryatanze amadollars ibihumbi amajana ane na mirongo itanu yo gushigikira ivyo biganiro.

Image caption Abarenga ibihumbi amajana atatu bamaze guhungira hagati mu gihugu no hanze yaco.

Kuva abarwanya ikiringo kigira gatatu ca prezida Nkurunziza batanguye imyiyerekano, Onu ivuga ko abantu barenga 400 ari bob amaze kwitaba Imana, abandi barenga ibihumbi amajana atatu bahungira hagati no hanze y’igihugu.