Nkurunziza yasozereye urugendo rw'urumuri rw'amahoro

burundi torch peace
Image caption Perezida Pierre Nkurunziza n'umutambukanyi wiwe bariko barasozera urugendo rw'urumuri rw'amahoro.

Umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza yasozereye urugendo rw’urumuri rw’amahoro mu ntara ya Gitega iri hagati mu gihugu.

Urwo rugendo rw’abaye ku birometero 2000, rukaba rwaciye mu makomine 100 kw’ijana na mirongo ibiri n’icenda agize Uburundi.

Urwo rugendo rw’urumuri rw’amahoro rwari rumaze imisi cumi ruzunguruka hirya no hino mu gihugu ruherekejwe n’abantu 42 bavuye mu gisagara ca Bujumbura, bagenda bararuhererekanya n’abo mu zindi ntara.

Prezida Nkurunziza yavuze ko, kuba urwo rumuri rw’amahoro rumaze imisi cumi ruca muri amwe mu makomine agize Uburundi, abaruherekeje akaba atawigeze abarya urwara, ari ikimenyetso ko igihugu c’Uburundi ari nyabagendwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Kuva mu kwezi kwa kane, abantu barenga amajana ane barishwe, abarenga ibihumbi amajana atatu na bo bata izabo

Igihugu c’Uburundi kimaze imisi kiri mu ndyane za politike, zivuye kukutumvikana ku kiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.

Kuva mu kwezi kwa kane, abantu barenga amajana ane barishwe, abarenga ibihumbi amajana atatu na bo bata izabo.

Ivyo birori vyo gusozera urwo rugendo, ruhuriranye n’uko uyu musi ari ho hatangura ibiganiro vy’abafise uruhara muri ayo matati i Entebe mu gihugu ca Uganda.